Nakajembegete Ville Imodoka irahiye iratokombera

 Nakajembegete: Za bus zasubiriye guhakwa kwiha inkumbi abantu barorera....

Neza na neza hagati mugisagara ca Bujumbura kugituro ca bis izitwara abantu kumasoko Siyoni na Cotebu, ibisi yo mu bwoko bwa Hiace yadutse isha iratokombera.  

Ntamuntu yapfuye canke akomereke: Imana ishimwe.

Ariko abantu bari ngaho barabaza bakiyishura ingene izo bus usanga zisigaye zigenda ari ivyuma bikokoye zitarakurwa mw'ibarabara canke zidafatwa mu gihe atari ubwambere zihiye kandi zirigwa zitwara abantu.

Hari aho zitabura impuzu kubera, izindi muguhaguruka barasunika canke intsinga zigendera hejuru. Ngo hari n'izo unyagirwa urimwo ukayobegwa kwari umuduga canke ari ikigangara caheze.

Igipolisi kijejwe gutabara cahashitse na kizimyamwoto ariko ibisi yari yamaze gutokombera.

Namwe muramaze kugendera muri bus yaheze?


Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact