Akajembegete: John CENA yaraye ahatswe kwereka ubugabo bwiwe abaje mu birori vyo gutanga ubushimwe bwa cinema zarushije izindi bizwi nka Oscars.



 Neza na neza uyu mugabo w'imyaka 43 yari ahamagawe ngo aze guha agashimwe uwabaye uwambere muri cinema ku bijanye no kwambara, mawe babona aduze kuruvyiniro ari gusa igitsina ciwe yagifukishije akapa gatoya baca barazimya amatara ningoga.

Uyu mugabo vyaje kuboneka mu nyuma ko yatinze yambara akabindo bahora bambika abagabo iyo bariko bakina cinema bageze kumasanamu bakina barigusa.

Ibintu nk'ibi vyateye isoni benshi ndetse banamutera ivyatsi kubona yatanze ako gashimwe ameze atyo kandi ari umugabo akuze

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact