Umugabo yahanishijwe umunyoror w'imyaka15 kubera yagerageje kwiyicirumugore







Makamba: yahanishijwegupfungwa imyaka 15, yagiriwe n'icaha co kugerageza kugandagura umukenyezi wiwe

👨🏿‍⚖️Mu rubanza rwaciwe kuri uyu wa 05 Ndamukiza 2024, muri sentare nkuru y'igihugu ya Makamba, Niyonkuru Éric yagiriwe n'icaha co gushaka kugandagura umukenyezi wiwe

🔙  Ku genekerezo rya 3 Ndamukiza 2024 k'umutumba #Rabiro zone #Gisenyi muri komine Makamba, uyo mugabo niho yatemaguza umupanga ibihimba bitandukanye harimwo n'ivyirondoka umukenyezi, amuziza ko yoba yamwivye amafaranga ibihumbi 100. Ubu ariko avurirwa mu bitaro bikuru vya Makamba

⚖️ Sentare yamuhanishije gufungwa imyaka 15 no gutanga indishi y'akababaro kuri uyo mukenyezi ingana 10.000.000 Fbu, ndetse ntanarekuriwe gukora akazi ka #Reta

🙌🏿 Niyonsaba Consessa arongoye ihuriro ry'abakenyezi mu ntara ya Makamba aratera ivyatsi iyo ngendo igayitse yo gushaka  kugandagura uwo mwubakanye, agatera akamo abubakanye ko iyo habaye ukutumvikana bokwama bitura inzego zibijejwe batarinze gusesa amaraso

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact