Birateye ubwoba Imodoka yari iduganye ibinyobwa vya Brarudi mu ntara ya ngozi

Umudereva yitavye Imana ahitanwe n'isanganya Iryo sanganya ryabaye kuri uyu wa 29/01/2024 mu gatondo. Imodoka yunguruje ibinyobwa vya Brarudi SA "yabuze ifire" iriko imanuka kw'ibarabara rya #Muyinga, iramandagara, umudereva aragerageza kutagonga abantu n'ibintu, imodoka niko kuyitembagaza mw'ikorosi ryanyuma urenganye aho bita kwa Hambari






Umudereva yaciye yitaba Imana, uwo barikumwe arakomeye ariko yahahamutse

 Umuyobozi w'igiporisi, umukuru w'igisirikare , abajejwe umutekano n'abajejwe intwaro bakaba baciye bihutira mu gufasha gucungera no gukura iyo modoka mw'ibarabara



 



Ibarabara riva i Ngozi rija mu buraruko bw'igihugu rikaba ryari ryugawe kuva isaha zitatu z'agatondo isanganya rikiba gushika isaha zitandatu zirenga aho abahinga bariko bakura iyo modoka n'ivyamenekeye mw'ibarabara

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact