Birababaje gitega umwana wimyaka16 yishwe na piscine

 ✝️ Umwana w'umunyeshure  w'imyaka ishika 16, yitavye Imana asomye nturi muri "piscine"

🤵🏿 Uwo mwana wo muri karitiye #Nyamugari komine #Gitega, yitavye Imana kuri uyu wa 12/4/2024, asomye nturi mu bwogero (piscine) bwo ku nzu y'uburaro yo mu gisagara ca Gitega



🏊🏿‍♀️ Amakuru ava aho habereye iryo sanganya avuga ko, abo bana bagiye ari batatu bavuye kw'ishure baja gusaba kwoga. Bamaze guheza kuriha amafaranga uwabakiriye yababwiye kurindira uwubafasha kwoga. Agiye kumuhamagara, uwo mwana aba yamaze gukorokera mu bwogero ku metero ndende uja hasi

🏥 Abari bahari bagerageje kumukurayo ariko bamushikana yamaze gusoma nturi

Bihutiye kumunyarukana kwa muganga ariko yaciye acikana

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact