🧱 #Bubanza: Lycée Notre Dame de la Paix hibwe babanje gutobora uruhome
🥷🏾 Abasuma bamaze kwimba uruhome rw'ibiro vy'umuyobozi asanzwe akoreramwo, baciye batwara imashine nyabwonko ngendanwa yari ihari bagenda batwaye n'ivyo bikorana (accessoires)
💻 Umuyobozi w'iyo shure ati: "Iyo mashine yarimwo ibikorwa vyinshi vy'ishure kandi yari yonyene muri ivyo biro, uwobona aho bariko barayigurisha ayidufatire"
👮🏾♂️ Abanyezamu bakorera kuri iryo shure risanzwe riri mu gisagara ca Bubanza ntibamenye ivyabaye
Tags
Amakuru