INKEBUZO:ISHAVU RIKWEGA UKWICUZA

Inkuru ,ni iy'umusore n'inkumi bakundanye cane,Imana irahezagira bubaka urwabo,ruba urugo rwiza rwuzuye urukundo n'impuhwe.

Umusi umwe,umushingantahe ntiyagiye ku kazi,aca yigira inama y'ukuja gutegura imfungurwa zizakuryohera umukenyezi wiwe yari yiriwe ku kazi.


Umukenyezi atashe,asanga umucance wiwe ari mu gikoni ategura imfungurwa z'ijoro,arahimbarwa cane,aramuhobera,aramusomagura bimwe vy'abakundana.


Umukenyezi aca aja kurindirira mu ruganiriro(salon) ko umushingantahe azana ivyo yateguye,

Bugingo umukenyezi yicaye,iruhande yiwe hari iterefone y'umugabo wiwe,haca hazamwo ubutumwa bugufi(sms) bumwipfuriza ijoro ryiza.


Umukenyezi ntiyayuguruye,yabonye amajambo aduga gusa,

Aca yibwira ko yoba ari uwundi mwigeme canke umugore yamye aganira n'umugabo wiwe,aca arashavura ahindura isura.

Mu vy'ukuri yari umugenzi w'umugabo bari bamye bavugana uko akazi bimirije kazogenda.


Umugabo ava mu gikoni aryohewe yibaza ukuntu umukenyezi wiwe aza gutangarira-kuryoherwa ingene imfungurwa ziteguye neza,

Umukenyezi aca arihagurukira aja kuryama adafunguye,akaba yashaka umugabo aze kumwinginga nawe ace amubaza ivya burya butumwa.


Umugabo abonye ivyo arababara cane ukuntu umukenyezi yivumbuye atavuze,umugabo aramwihoza,arafungura araheza nawe aja kuryama,

Mu busaswa ,umwe wese aha umugongo mugenziwe nk'ikimenyetso c'ugushavura,nta tiro ryahabaye iryo joro.


Mw'ijoro hagati,umugabo yarafashwe n'ingwara,biranka ko avuga,biranka ko avyuka,ico yakoze gusa yashize ukuboko ku mukenyezi wiwe kugira amwumvishe ingene yashushe n'ingene ariko aradegedwa.

Umukenyezi ntiyihanganye,kwa kuboko kw'umugabo arakwikurako asunurira hirya yibaza ngo ni ukumwiyegereza.


Bukeye,umugore abona umugabo aracaryamye,ntiyamuvugisha,we aravyuka aja kwitegura aja ku kazi.

Umukenyezi yirirwa atabonye ubutumwa(sms) bw'umugabo nk'uko vyama,bimwanka munda,aca aja guhitana agasaha keza kw'isoko imbere y'ugutaha kugira basi abe ariwe atangura kwiyegereza umugabo.


Ashitse muhira,aja mu gikoni kuraba ko ariyo ari arabura,mugabo atangazwa n'ukuntu ivyo mu nzu abisanze uko yabisize,yibaza ko umugabo yashavuye rwose,ariko umutima urasimba,aja kuraba mu cumba,asanga aryamye kumwe yamusiga,amukozeko asanga yumye kera.


Umugore arwa hasi,atera induru ngo ababanyi batabare,mugabo igihe cari carenze.

Icamubabaje gusumba vyose ni uko ataronse akanya ko gusaba ikigongwe umushingantahe wiwe ko yihenze mu kumushavurira amuhora ikintu kidafashe,

Ku buryo yagumye yiyagiriza icaha c'uko ariwe yiyiciye umugabo mu kutamwitaba mw'ijoro yitwaje ko yamushavuriye.


Umukenyezi yaciye yiha igihano c'ukuzopfa atarongowe,ntaze yibaruke n'umwana nk'imenyetso co kwicuza ku mushingantahe wiwe.


INYIGISHO: Ugushavura ni ndemanwa ku biremwa vyose n'ibikoko birashavura,ariko wewe nk'umuntu ufise ubwenge, ni ngombwa gutsinda ishavu kuko ishavu ntaco ryungura ahubwo ryica vyinshi .

Ukaba hari umuntu washavuriye, orosha umutima musubize hamwe imbere y'uko agenda ubutakigaruka.

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact