#Cibitoke Umugabo w'imyaka 42 yaraye agandaguwe n'imvubu mw'ijoro ryakeye ry'uwa6 rishira uwa7 mu ruzi Rusizi ariko ajabuka avuye mu gihugu kibanyi ca #Congo.
Uwo mugabo akaba ari uwitwa #Gilbert_Baziruwisabiye yavuka ku mutumba #Samwe muri komine #Rugombo y'intara ya #Cibitoke.
Ikiziga ciwe kikaba catowe ku nkombe z'uruzi #Rusizi nk'uko vyemezwa n'abajejwe intwaro n'umutekano muri komine #Rugombo.