Ngozi: umuyaya yahonyanze uruhinja mu nda aruhora ngo "rwamuriye amenyo", none ubu ari mu gasho



😢 Uyo mwigeme muri karatiye Rubuye, zone na komine Ngozi, yafashe kur'uyu wa 06/04/2024 inkoni ahondagura umwana w'umwaka umwe yarasanzwe arera, yongera amuhonyanga mu nda, nya ruhinja rukaguma ruboroga ariko iyo nkumi ntiyagira ikigongwe.

Ababanyi baratabaye inyuma yo gufata amasanamu yerekana uko ico kibondo cakubaguwe. Abavyeyi bahashitse, bihutiye kujana umwana kwa muganga. Kur'uyu wa 07/04/2024, uyo muyaya baca bamushikana mu gasho k'igiporisi mu gisagara ca Ngozi.

⚖️ Abajejwe agateka k'abana, abo mu runani rw'abakenyezi, abajejwe umutekano baviriye hasi rimwe basaba ko uwo mukobwa ahanwa. Abavyeyi b'ico kibondo bakaba badategera igituma uyo mukobwa yakubaguye umwana wabo, "mu gihe nya muyaya yarafashwe neza". Gushika ubu, umuyaya we avuga ko "yakubaguye umwana kuko yamuriye amenyo"

😳 Ubwo burya ntibishika ugasanga imiryango yashize abana bayo mu minwe y'abakozi (abayaya canke ababoyi) bamwe bafise ibibazo vyo mu mutwe, canke hari izindi ngorane zibaremereye ku mutima, bakazimarira mu gukubagura abo bajejwe kurera abavyeyi ntibigere banabimenya rimwe na rimwe? Maze bikazogira ingaruka mu kwaruka k'umwana, akadukana ingeso canke ingendo umuvyeyi adatahura.

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact