Bujumbura: uwujejwe umutekano yavunitse igufa ry'ukuguru mw'isanganya ry'umuduga kubera ibarabara ribi...

 

Hari nk'igihe c'isaha 1 n'igice (19h 30) kuri uyu wa 20 Ndamukiza 2024, kw'ibarabara  M-Forest (Emu Foreste) rigabura zone ya Kinama na Carama muri zone ya Kinama nyene, komine ni Ntahangwa yo muri meri ya Bujumbura 

 Muri iryo sanganya rero umwe mu bajejwe umutekano yariko aritambukira n'amaguru avuye ku kazi n'akabido k'amazi mu ntoke yahuye n'isanganya ry'Umuduga vyanse ko ukata kubera iryo barabara "M-Forest" ryimburutse  cane kubera inkukura y'ibarabara

"Umukenyezi yariko atwara uwo muduga vyanse ko akata ariko agerageza kuduza umuduga awukura muri ico kinogo c'ibarabara, bica biranka ko agarura volant, imodoka ikatira mu mufurege aca agonga uwujejwe umutekano , uwu nawe avunika umurundi", nk'uko vyiganwa n'abari ngaho aho iryo sanganya ryaba

Nk'uko bibandanya vyiganwa n'abo basanzwe baba hafi y'iryo barabara, ngo kwimburuka kw'iryo barabara kwandurutse ku mazi y'imvura azanana kw'ibarabara ry'igihigu numéro 1 (RN1) agaca ahitanana n'ayandi ava mu mihana, kubera agafurege acamwo ari gatoya agaca ashwiragira muri iryo barabara, naryo rigaca ryimburuka. Ubu rikaba risigaye ari ikinogo

 Yaba abafise ingendeshwa baca muri iryo barabara canke abasanzwe baba hafi yaryo barasaba ko ababijejwe boraba bagakora iryo barabara ritariha inkumbi, kuko nk'imiduga mitomito bigorana ingene ihaca



Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact