Abantu 13 baraye bakomeretse bahenukiweko n'ikibeni gipakiye amabuye


 Ni kw'ibarabara ry'igihigu nomero 1 ( RN1) aho bita kwa Haroi muri komine Isare yo mu ntara ya Bujumbura, aho kuri uyu wa 20 Ndamukiza 2024 abantu 13 bariko barinonora imitsi mw'ibarabara RN1 baraye bakomeretse harimwo n'abababaye cane, inyuma y'aho ibeni yari ipakiye amabuye ihenutse amabuye yari ipakiye aca amijukira mu bantu ...

 Nk'uko vyiganwa na bamwe mu bariko barinonora imitsi muri ico kibanza, bamwe bari baryamye ku nkengera w'ibarabara, abantu bahagaze binonora imitsi , niho haca haza iyo modoka iva ruguru yerekeza mu gisagara ca Bujumbura yiruka cane kuko yari yacitse amafire, kubera hari ikorosi ngo umushoferi yaciye agerageza kuyihenurira aho nyene kugira ntibandanye imanuka kuko yari guhitana benshi narirya ku minsi yose ya gatandatu haba hari abantu benshi bariko binonora imitsi

Muri iryo sanganya rero ngo bamwe babibonye kare bariruka, ariko  abarenga 13 nibo bakomeretse, abo bose bakaba baciye banyarukanwa kwa muganga mu mavuriro atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura 

 Musitanteri wa komine Isare Niyonkuru Gilbert amenyesha ko bamaze "gusemerera incuro nyinshi bihaniza abantu baryama ku nkengera z'ibarabara iyo bariko barinonora imitsi, canecane aho benshi bitwa kwa Haroi hamwe n'ahandi bita kwa Gisiga, ariko ngo vyaranse ko abantu babitahura"

 Agatera akamo cane cane abakunda kuryama ku mpera y'ibarabara binonora imitsi ko boza baraduga ku kibuga ca paroisse Muberure canke bakaduga aho bita kwa Busigo kuko hari ikibanza kigaragara kandi cagutse, mu ntumbero yo kwubahiriza amategeko agenga uruja n'uruza rwo mw'ibarabara



Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact