Isanganya riteye ubwoba ribereye mugisagara ça Bujumbura bitangaje cane

 🔴 Hahejeje kuba isanganya mu gisagara ca Bujumbura, imodoka irononekara ndetse n'itara riboneshereza ibarabara naryo ryononekaye .....



⌚ Hari mu kanya gaheze nk'igihe c'isaha 6 z'umurango (12h) kuri uyu wa 11 Ndamukiza 2024 mu gisagara ca Bujumbura neza na neza kuri boulevard de l'Uprona imbere y'ivuriro Polyceb, aho hahejeje kuba isanganya imodoka yo mu bwoko bwa DoubleCabine yo mw'ishirahamwe mpuza makungu PNUD Burundi, ihejeje guseka iyindi yo mu bwoko bwa Toyota Carina  ica itarukira hakurya itangigwa n'itara riboneshereza ibarabara 

👥 Nk'uko vyiganwa n'abari aho igihe isanganya ryaba, ngo ryatumwe n'uko iyo modoka yo mu bwoko bwa "Double Cabine" yariko izanana mw'ibarabara ryitiwe RDC (Avenue de la RDC), yari ku muvuduko munini, igeze mw'ikorosi rya Boulevard de l'Uprona ica ihurirana n'iyo Toyota, ica iyiseka mu rubavu  

💥 Muri iryo sanganya rero, imodoka yononekaye. Nyene iyo modoka, umukenyezi asa n'uwukuze ari nawe yariko arayitwara, nta kintu na kimwe yabaye kiretse ko yahababutse cane kubera ubwoba  

💡Hambavu y'iyo modoka, ikindi cononekaye ni itara riboneshereza ibarabara "boulevard de l'Uprona", hamwe n'amashurwe yaheruka guterwa muri iryo barabara

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact