Kirundo: umutama w'imyaka 56 yaraye akubiswe n'abana biwe, bamusamburirako inzu, ubu akaba arara mu nzu kwa nyina


🔰 Aho ni mu gacimbiri Munyinya, umutumba Kiri muri komine Bugabira mu ntara ya Kirundo, aho ku wa 17 Ndamukiza 2024 umutama w'imyaka 56 yakubitwa n'abana biwe 5 bamuhora ko bamusanze ariko ashaka kugurisha amabati y'uruhande rumwe yari asakaje inzu yabamwo wenyene kugira ngo yikenure 

👥 Nk'uko vyiganwa n'ababanyi b'uwo yaraye ahuraguwe amahiri, ngo uwo mutama yari asanzwe yibana wenyene mu nzu, kuko abana biwe bose uko ari 5 babana n'umukenyezi agira 2 yahoze yubakanye n'uwo mutama, kuko uwa mbere yari yaritavye Umuremyi

🙆🏾 Nk'uko babandanya babitwiganira, intandaro ya vyose ngo uwo mutama yari afise akabazo k'amafaranga, niho yashaka kwikora ku mabati asanzwe asakaye iyo nzu yabamwo. Abana biwe bahashika bitwaje imipanga, inyundo n'ibindi barengera kuri ya nzu babomora imiryango, umutama ariwe se wabo nawe barengerako baramuhondagura baramunoza

🎙️ Ku ruhande rw'abajejwe intwaro, Emmanuel Niyungeko atwara ako gacimbiri ka Munyinya amenyesha ko uwo muryango wamyemwo amatati y'amatongo, ariko ngo Sentare yari yarasavye uwo mutama ko yogaburira itongo abana biwe bose kandi yari yarabikoze. Ati: "Umwana wese afise itongo uyo se bakubise yabagaburiye" 

🤕 Nk'uko uyo mutware w'agacimbiri abandanya abivuga kandi, ngo si ubwa mbere biba, kuko no mu minsi iheze abo bana biwe nyene ngo "barigeze kumukubita kugera naho ata aromoka asubira kuba kwa nyina wiwe"

📌 Niyungeko Emmanuel amenyesha ko uyo mutama yaraye akubiswe n'abana yivyariye, yaciye ajanwa kw'ivuriro rito rya Kiri, akaba yatashe ashikira mu nzu kwa nyina kubera aho yaba abana biwe bakuyeko inzugi

👮🏿 Niyungeko Emmanuel ati: "Muri abo bana 5 bakoze ico caha, abashika 3 baciye bafatwa bashikirizwa igiporisi kugira ngo bahanwe, abandi 2 baciye batungwa n'ayo bameze, ubu bakaba bakiriko bararonderwa"

🙏🏿 Mu ntumbero yo gutanga ituze mu miryango no mu kibano, uyo mukuru w'agacimbiri avuga ko bama bariko baragirisha inama ziremesha umubano mwiza, bongera bahimiriza abenegihugu kwitura abahuza bo ku mutumba canke ubutungane mu gihe habaye ukutumvikana mu ngo no mu kibano, maze bakareka indyane no kwihanira.






Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact