Makamba wamukenyezi yahakwa kugandagugwa nuwo bubakanye yagarukiwe nihuriro ry'abakenyezi bo muri iyo ntara

🗑️ Agaseke kagizwe n'ibifungugwa,ivyambagwa,ivyipfuko,amata y'umwana,ubuyi,amasabuni,vyose kugaciro ka250.000Fbu,nivyo vyashikirijwe uwo mukenyezi yarokotse igihe umugabo wiwe yagomba amugandagure amutemesheje umupanga

🏥Aho agwariye mubitaro yagendewe nihuriro ry'abakenyezi hamwe nabandi bakenyezi bi makamba kugira bamugarukireko bongere bamuremeshe.

Hambavu yivyo bamushikirije akabahasha karimwo amafaranga angana350.000Fbu.

🎙️Niyonsaba consesse arongoye iryo huriro yamenyesheje ko bifadikanije nuwo mukenyezi,kandi ko batera ivyatsi ako kabi kabishe,yibutsa ko ikiyago mu ngo gikwiye kwama kija imbere,ariko kandi agasaba abubatse kwitura intwaro n'ubutungane iyo hari ibibazo bikomeye.

✅Uwo arongoye ihuriro ry'abakenyezi mu ntara ya Makamba yibukije ko abakenyezi batatu aribo bamaze kwicwa nabo bubakanye mu ntara ya Makamba kuva muri 2022.

🤔Mbega bantu b'Imana ico caha mubona cohanishwa igihano kimeze gute?





Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact