Umuyaya yakubaguye umwana i Ngozi arafunzwe


 Uruyoya rwaravunitse mu mbavu no mu gikiriza bivuye ku nkoni rwakubuswe n uwahora amurera (umuyaya)

Abasanzwe baba ahabereye iryo bara bakaba bavuga ko harindiriwe urupapuro rw amavuko kugira hamenyekane imyaka y ukuri yuwo mukobwa asanzwe avuka mu ntara ya Kirundo.bamwe bakavuga yuko kurekura uwo muyaya kwoba ari nko kumwicisha bivanye n ivyabonetse mu masanamu yafashwe n ababanyi ukuntu biteye agahinda,abandi nabo bakavuga yuko bomuronderera abaganga bavura inrwara zo mu mutwe kuko ng ntawari kugira nkivyo yagize akomeye nezaa.

Abajejwe amashirahamwe ajejwe agateka k abana bavuga yuko nkuko bivugwa bagasanga uwo mukozi (umuyaya)adashikana imyaka bisaba ko yoca arekurwa ngo kuko ata myaka yo gufungwa arashikana.Ariko naho biruko biremezwa ko umuyaya yakoze icaha gikomeye ariko n uwafashe amasanamu n umufatanyacaha.



Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact