Uyu mukenyezi ashaka impanuro

 🔴 Uyu mukenyezi yipfuza impanuro zanyu.


Yitwa Jeanine asanzwe aba mu gisagara ca Bujumbura yagize ati : “Bakunzi buru rubuga ndipfuza impanuro zanyu maze amezi m'umutima atamahoro nfise, nsanzwe ndi umukirisu nkunda ubuvugishwa kubi, none nagiye Gatumba gusengerayo ku karago banyereka umu Papa yisoneye, yazanye amavuta arasenga nja mumwuka acanjana mukumba, arayansiga hose, ankura impuzu acasiga amavuta Kubihimba vyose vy'ibanga. Aha hose Nari mfise ikibazo co kutavyara. 

Nguwo arakoze ivyakora, yahenze umugabo wanje ngo asohoke haraho ntokwisanzura mukwatura(kwirega) natoye ubwenge duhejeje, none narasamye ariko sinibaza ko ariyumugabo kuko twari tumaranye imyaka ibiri atakana turaronka. 


None nashaka mumfashe nzomuhishuke ko Ari Apôtre yakoze umuti canke ndavyihoze ? 

Ariko umugabo wanje ndamukunda ndafise ubwoba KO azoca ampeba mugihe yobimenya, Ndabasavye mumbwire ico nokora muzoba mukoze 🙏🏾 ”


Musomyi uyu mukenyezi ni iyihe mpanuro womuha? 



Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact