Isi igeze aho umwansi ashaka koko

 Twisunze ivyanditswe , Ibimenyetso vyerekana ko igihe cokugaruka k'Umwami Yesu cegereje caaaane 

Mbega witeguye kumusanganira ??? Benshi ikigihe bitayeho ivyisi ,  bibagiye gutegura ejo heza ho mubwami bw'Imana

Ntakintu kizoba giteye ubwoba nkigihano c'abanyavyaha

Uwomusi azoba ari rubura kigongwe , Umuriro uzotema , utongore , habe ububabare bw'Ibihe n'ibindi

Ushaka wokwihana ubunyene, ukavavanura n'ivyisi burundu , kuko uyumusi nyene urupfu rushobora kuguturumbukira, ugasezera isi, hama ejo aho bukera ukazukira mukaga gahambaye kumuriro uzoturira abanyavyaha

Ndavuze nti, ejo aho bukera ukazukira mukaga gahambaye k'umuriro uzoturira abanyavyaha

Umuntu iyo apfuye, ntamisi isubira kubaho kuruhande rwiwe, ahubwo abameze nkuwusinziriye agatiro ninayo mpamvu mvuze nti, ejo🙏 

Uyumunsi Yesu aracadodora kumutima wawe kugira uhinduke, wihane kugira udahura nivyo vyago biteguriwe abase kwihana🙏🙏🙏

Uwiteka agushoboze , ufate ingingo ubunyene ugifise amahirwe🙏🙏🙏

Ico ngusavye, nuko wosangiza  ubu butumwa abandi bantu bari muma grps urimwo kuri facebook , kumbure hashobora gufata ingingo abatari bake kubwawe🙏



Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact