Isoko rya Ruvumera ryarazimijwe ubu ririko rirarema ukuri kwamye🇧🇮🇧🇮🇧🇮

 🙌🏾 Umuriro wadutse mw'isoko rya Ruvumera warazimijwe ata vyinshi birononekera. Ubu ririko rirarema ukuri kwamye🇧🇮🇧🇮🇧🇮

🔥 Ni umuriro wari wadutse mw'isoko ryuzuyemwo ubutunzi cane cane impuzu, ariryo #Ruvumera riri muri zone ya #Buyenzi muri komine #Mukaza yo muri meri ya Bujumbura, ku muhingamo kuri uyu wa 02 Rusama 2024 .

🇧🇮🇧🇮🇧🇮 Nk'uko twashoboye kuvyibonera mu gatondo ko kuri uyu wa 03 Rusama 2024, iryo soko ryazindutse rirema ukuri kwamye, kiretse ku ruhande rwadutsemwo umuriro. Ho hari hugawe, ndetse hacungerewe n'abajejwe umutekano, ku buryo yaba abahakorera canke abandi badashobora kurengana


👥 Amakuru twakuye kuri ico kibanza avuga ko ikintu coba caratumye iryo soko rihakwa gusha gushika ubu kitaramenyekana, ariko bamwe mu bari basanzwe bashona impuzu aho nyene hadutse umuriro bakeka ko vyoba vyaturutse kw'ipasi ikoreshwa n'amakara yoba yari ikirimwo umuriro, nawo ugaca ufatisha ibitambara bakatagura ku mpuzu, kuko hari hariyo vyinshi cane


⌚ Igihe c'isaha zine zuzuye (10h), ikiduga gitwara imicafu caje gupakira ibisigarira vy'ivyaraye bihiye, abakorerayo bakagira amakenga kubikoresho vyabo kuko batigeze bemererwa kuja kuraba utwabo ngo barabe ko bokurayo na dukeya. Bagasaba ko hatoba amanyanga ngo bamwe bahave bibwa ibintu vyabo


🙅🏾 Yaba abajejwe intwaro muri zone ya Buyenzi twasanze kuri iryo soko, hamwe n'abajejwe umutekano, nta n'umwe yashimye kugira ico atubwiye ku vyoba vyononekaye, ndetse bakaba batemeye ko dushobora kwinjira ngo tuvyirabire.

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact