Ibitigiri vyabakenyezi bipimisha imbanyi vyarigwije na kane mu gisagara ca ngozi

 Ngozi : ibitigiri vy'abakenyezi bipimisha imbanyi vyarigwije na kane kuva mu kwezi kwa mbere 2024 



Kw'ivuriro ritoya ryo mu Kigarama mu gisagara ca Ngozi kuva mu kwezi kwa mbere bakira abakenyezi 30 ku munsi bipimisha imbanyi. Nayo kw'ivuriro rya Abubef Ngozi abakira abakenyezi bibungenze bababa 50 ku munsi canke barenga gatoya

 Mu biro vy'intara bijejwe amagara y'abantu bo bavuga ko mu kwezi kwa kabiri, abakenyezi bibungenze bituye amavuriro bangana 8.918, mu kwezi kwa gatatu 2024 naho bangana 9.206. Bakamenyesha ko ivyo bitigiri biduga bivuye ku nyigisho zitangwa n'abaremeshakiyago, abaganga, ndetse n'abandi bo mu bisata vy'ingo n'imiryango

Abajejwe amagara y'abantu mu ntara bakabandanya bahimiriza abavyeyi kwitaho ubuzima bw'abana babo kandi bakamenyesha ko ibikoresho vyo gusuzuma no gukingira abakenyezi bibungenze bihari kandi n'imiti iboneka atangorane

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact