Rumonge : Hari ibisigarira vy'umuntu vyazuwe kuri uyu wa gatandatu mu nzu imwe yo ku mutumba Nkayamba



✍️ Abenegihugu bo mu micungararo co kimwe n'indongozi ku mutumba bibaza ko ivyo bisigarira vyoba ari ivyo umukenyezi yahoze aba muri iyo nzu. 

Babivuga bafatiye ku mpuzu z'abakenyezi uyo nyakwigendera yahora yambaye.

🏘️Ngo iyo nzu yahora ibamwo umuryango ugizwe n'umugabo n'umugore be n'abana babo babiri.

🗣️ Abenegihugu basigura umubano w'uwo muryango utari wifashe neza aho ngo umugabo yama ahiga kugirira nabi umugore ivyatumye anapfungwa amezi 3 inyuma yo guhakwa gucumitira umugore wiwe imbere y'abashingantahe bariko barabumviriza. 

⛓️ Inyuma y'igihe gito uwo mugabo avuye mu munyororo, we n'umugore n'abana ntibasubiye kuboneka kuri uyo mutumba ivyatumye ababanyi bibaza ko umugore yoba yagiye kurondera ubuzima mu bihugu vy'abarabu nk'uko yaramaze igihe abitegura

 maze umugabo n'abana nabo bakaba boba bungururije kuba ahandi.

💁🏻‍♂️ Ivyo bisigarira vyatumye abo banyagihugu bagira amakenga bibaza ko uyo mugabo yoba yaragandaguye umugore wiwe akamuhamba muri iyo nzu maze agatungwa n'ayo yameze.

💳 Imyidondoro yatowe muri iyo nzu yerekana ko umugabo avuka mu ntara ya Rutana, umugore nawe mu ntara ya Gitega. 

💬 Abajejwe intwaro n'umutekano bamenyesha ko batanguye amatohoza kugirango bamenye irengero ry'uyo muryango.

🎤 Mweho muvyumva gute ?

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact