Inkuru y'umubabaro : Umushingamateka Prosper Manirambona yaraye ahitanywe n'isanganya ry'imodoka

 .



Amafoto yahanahanywe muri iri joro ryakeye (04.6.2024) yerekana imodoka yabaye ubunywenywe mu gice cayo c'imbere. Imodoka yarimwo Umushingamateka Prosper Manirambona, umushoferi wiwe n'umupolisi ajejwe kumucungera ubuzima. Bose uko ari batatu baraye bahitanywe n'iryo sanganya ryabereye aho bita "Kwa Ngendanzi" mu Kibogoye, komine Bukeye, intara ya Muramvya.

Prosper Manirambona yari umushingamateka akomoka mu mugambwe CNDD-FDD, agaseeukira intara ya Muramvya. Yari yinjiye mu Nama Nshingamateka muri 2020 asubiriye Umushingamateka Emmanuel Niyungeko yari yagenywe kurongora ODECA.

Turahojeje Imiryango y'abahisi.

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact