Mukubano (Nyanza-Lac): umupolisi yarishe umuntu amurashe kuko yankiwe gutwara ipikipiki

 


Uwo munyagihugu wo ku mutumba Mukubano muri komine #Nyanza Lac intara ya Makamba yarashwe n'umupolisi ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri. Intandaro ya vyose, ni imishamirano yabaye hagati y'abapolisi n'abanyagihugu. 

 Umwe mu bapolisi yagerageje gufata ipikipiki y'umwe mu baca amafaranga bunguruje abantu kw'ipikipiki. Abanyagihugu baranka ko abo bapolisi batwara iyo pikipiki, kuko babibonamwo akarenganyo. 

Uwo mupolisi yakoze iryo bara ubu ari mu minwe y'inyamiramabi. Bitegekanijwe ko ashengezwa mi rubanza rw'ikibiriraho muri sentare mkuru ya Makamba. Amakuru ava mu gipolisi mu ntara ya Makamba yemeza ko ubu ariko arakorerwa dosiye. 

Yikekwa ko ivyaha vyo "kuja gukora akazi atatumwe n'abamurongoye, gusaba ibiturire abanyagihugu n'ugukoresha inguvu zirenze kuko yarashe abanyagihugu".

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact