Umugabo yishe umugore wiwe amucumise imbugigitaUrupfu rwabajaje abantu benshi

umugabo yishe umugire amucumitishije imbugita

alexine yarasanzwe ari umwigisha murezi w'imatyazo komine gasorwe muntara ya muyinga yaraye yishwe n'umugabo wiwe Bagendako j.claude batazira kajipo-kabeba kuruyu munsi igenekerezo rya 15/08/2023

amakuru dukura muntara nziza ya muyinga yemezako uwo mukenyezi nyakwigendera alexine yoba azize umubano mubi bari bafitaniye n'umufasha wiwe. uwomugabo mukumwica akaba yakoresheje imbugita aho yayimucumise murubavu aca ahita yitaba imana akaba asize abana 8.
inyuma yubwo bwicanyi bwahabaye abajejwe umutekana baciye bafata nyene gukora ubwo bubisha ubu akaba ari muminwe yinyamira mabi .haba imbugita yakoze ayomabi vyose babajaniye rimwe.

amafoto
photo j.bosco kajipo-kabeba
imbugita yishe alexine
photo umuhisi alexine
musomyi aho iwanyu amabi nkayo arahakorerwa. arinkahamwe utanze igihano nicahe gihano gikwiriye abantu bakora amabi nkayo .reka twipfurize umuryango asize hamwe nabana biwe asize . imana imwakire mubwami bwayo

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact