Cameroun vs Burundi éliminatoire Can 2023

Cameroun vs Burundi match live éliminatoires CAN 2023









Raba critères kugira Uburundi bushobore kubandanya ihiganwa.

🛑🚨⚠️INTAMBA MU RUGAMBA naho zonganya 0-0 na Cameroun zizoguma zironka itike ! Raba ukuntu amategeko ya CAF avuga 

Intamba Mu Rugamba Zinganya 0-0, 1-1, 2-2, 3-3, 4-4, 5-5,...zizoguma zironka itike..zikira kunganya gusa 

Nkuko mubibona ngaho kw'ifoto, ingingo ya 14 ya CAF isigura ukuntu imigwi ibiri itandukanywa iyo yanganije amanota 

Intamba nizanganya na Cameroun, bizoca bimera uku :


1. Namibia : 5 pts ( ibitsindo 0 )

2. Burundi : 5 pts ( ibitsindo 0 )

3. Cameroun : 5 pts ( ibitsindo 0 )


Reka rero turabe ukuntu ingingo zivuga

➡️ 14. 1: Iyo Imigwi ibiri inganije amanota, ica itandukanywa uku gukurikira:

14.1.1: Umugwi waronse amanota menshi mu nkino zibiri zahuje iyo migwi, niwo uca urengana

Dufatiye kuri iyi ngingo:

Intamba Mu Rugamba zoca zirengana kuko zoba zinganya amanota na Namibia kandi zaronse amanota 4/6 mu nkino zakinye na Namibia

Namibia nayo yoca irengana kuko nayo yaronse amanota 4/6 mu nkino yakinye na Cameroun

Ikintu gitangaje nuko na Cameroun yoca irengana kuko yoba yaronse amanota 4/6 Ku Burundi Bisigura yuko iyi ngingo idakunda❌

Kubera yuko ubu vyahindutse, imigwi itatu iriko iranganya, ntitwoca tuyitandukanya dukoresheje amategeko akoreshwa mu gutandukanya imigwi ibiri

➡️Tuca tuja ku ngingo ya 14.2 ivuga ukuntu iyo imigwi irenga ibiri inganya amanota, itandukanywa

Iyo ingingo ivuga ko:

14.2.1: Imugwi iba yaronse amanota menshi mu nkino zabahuje, aba ariyo ica irengana ( Iyi ntitwoyikoresha kuko amanota mu nkino zaduhuje hagati yacu twese azoba ari 5 )

14.2.2: Imigwi izigamye ibitsindo vyinshi niyo ica irengana ( naha ntivyokunda kuko uburyo bwose twonganyamwo, twese imigwi itatu yoguma izigamye ibitsindo 0 )

14.2.3: Imigwi yinjije ibitsindo vyinshi mu nkino zabahuje ( Iyi niyo ngingo twoca dukoresha ) ✅

Mu nkino zaduhuje, iyi niyo migwi yinjije ibitsindo vyinshi :

1. Namibia : ibitsindo 6

2. Burundi : ibitsindo 4

3. Cameroun: ibitsindo 3

Uburyo bwose twonganya na Cameroun twoguma turengana kuko tuzoguma tuyirusha ibitsindo twinjije

Itandukaniro gusa nuko tunganije 4-4 kuduga, Namibia niyo yoca itaha kuko Cameroun yoca iyirusha ibitsindo yinjije

Naho ubundi twebwe uko twonganya kose, itike tuzoguma tuyironka

Ibi biri kuri site web ya CAF ubwayo ! Murabibona kuri iyo foto musi kuri screenshot twafashe......



Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact