Raba impamvu intamba murugamba zitsindwa

Raba impamvu Uburundi bwaraysinzwe Ubusesanguzi  kurukino rwahuje Burundi na Cameroun



Urukundo rwahuje umugwi wa Cameroun vs Burundi rwarurukino rwitezwe nabantu benshi cane kumpande zose hab muri Cameroun canke kuruhande rwuburundi Aho abarundi Bose Bari bariko bararaba urwo rukundo arko bikaba vyarangiye nabi  urukundo rwarangiye Uburundi butsinzwe 

🇨🇲 Cameroun 3-0 Burundi 🇧🇮 



bituma Uburundi budashobora kubandanya mubazokwitabira igikombe ca CAN kizobera mugihugu ca cote d'ivoire 2024.

Umuntu yaravye urukino yokwibaza ko Intamba Mu Rugamba zakinye mu gice ca mbere atarizo zakinye mu gice ca kabiri

Igice ca kabiri kiri ku rwego rwo hasi caaane ku Ntamba Mu Rugamba harimwo no kwinjizwa ibitsindo bibiri Kubera amakosa yaba myugariro n'umunyezamu 

Besnshi barobajije igituma Uburundi bwatsinzwe kandi bariko barakina neza Aho benshi bashoboye kwibaza vyinshi.

Raba ivyatumye Uburundi budashobora gutsinda

Ikosa ryambere ryabaye nuko Abakinyi babarundi ata expérience ndafise Ndetse bakaba batamenyereye gukunda inkino ziteranye ubwoba ,baribafise ubwoba bwinshi arivyo vyatumy batanga ibitsindo bitangaje Aho umukinyi ashobora gusanga ahaye ipasi umukinyi atari uwiwe .

Ikindi kibazo tugifise kumumenyereza ego NDAYIRAGIJE ni umumenyereza mwiza ariko nta mupango wa kabiri (Plan B) agira.Nta Plan B agira

Iyo bavumbuye umukenyuro ariko arakoresha, ntazi guhindura ngo ahe abakinyi biwe uyundi mukenyuro babashe guhangana n'uwo wundi abo bahanganye bazananye

Mu gice ca mbere nta kosa twomutako kuko mu gice ca mbere yamenyereje urukino rwa 2-0 mu vyukuri... twari nko gutsinda 2-0 mu gice ca mbere ! Yari yabikoze


Cameroun imaze kumenya imikenyuro yiwe, ikavumbura irya espace twari dufise hagati mu gice ca mbere, ntiyahinduye nawe ngo azane iyindi mikenyuro

Mwarabibonye ko mu gice ca kabiri ata buryo na bumwe buboneka buvamwo ibitsindo twaremye kuko Cameroun yari yamaze kutuvumbura


Ndayiragije nawe ntiyaravye iyindi nzira yocamwo, yagumye ashaka abakinyi bakine vya bintu nyene kandi bamaze kubivumbura


Muravyibuka ko no k'urukino rwa Namibia bamaze kuvumbura imikenyuro yiwe, bagomboye ibitsindo bibiri kandi iyo bongeza nk'iminota 10 vyose bari kubigombora


Ni umumenyereza mwiza, yinjira mu rukino neza ariko iyo umugwi bahanganye uhinduye imikenyuro, nawe ntahindura ngo akore ibitandukanye...agumiza vya bindi nyene kandi bamaze kubivumbura 


Naho bimeze uko, nta nkeka ko ahawe igihe, ashobora kuduza urwego rw'Intamba Mu Rugamba... vyovyo arasumvya Jimmy Ndayizeye......

Ijambo rimwe kuri aba basore nimba waravye urukino.

New level , intamba zacu,sport,ubusesanguzi

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact