Abantu mubetinga vyose umushikiranganji yavyanse

 C'EST FINI  Umushikiranganji yahagurukiye abantu bakina akamari, gutigira (Betting) no kwirigwa kumarigara mu gihugu cose 



Mu nama yakoranye na ba Buramatari, ba Musitanteri n'abakomiseri, umushikiranganji Martin Niteretse ajejwe Intwaro yo Hagati mu Gihugu, Iterambere Rusangi n'Umutekano yasavye abo bajejwe intwaro gukorana n'igiporisi mugutuza ingeso y'ubunebwe aho abantu babura gukora bakajana utwo bakoreye munkino z'akamari, urubugu, n'ibindi.



Umushikiranganji akaba yagize ati: "Abo n'ibisuma, ni imburakimazi. Ntitwoshika kw'ihangiro ry'uburundi, igihugu kidakenye muri 2040, gitunze muri 2060, mu gihe hari abanebwe birigwa muri ivyo bikino."

Yakomeje ati:" Mubonye ahantu hibwe, ntayandi matohoza, ni barya birirwa kumarigara.

Source: morning burundi

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact