Abasore babiri bahinduje igitsina muri 90 bahataniye kuvamo Miss Universe

Marina Machete na Rikkie Valerie Kolle:Abahungu bihinduje igitsina bakaba abakobwa









Irushanwa rya Miss Universe ryo muri uyu mwaka rishobora kuzoca agahigo! Abahungu babiri bahinduje igitsina bakaba abakobwa, Marina Machete na Rikkie Valerie Kolle bagiye kuba aba mbere bafite iyi miterere bagiye guhatanira iri kamba riri mu kamba ane akomeye ku Isi.

Abasore babiri bahinduje igitsina muri 90 bahataniye kuvamo Miss Universe

Ibirori vyo gutanga iri kamba bizaba ku wa 18 z'ukwicumi 2023 muri El Salvador. Ni irushanwa ryuyu mwaka, ku buryo abaritegura bavuga ko bakoresha imitahe  ingana n’amadorali Miliyoni 100 mu kuritegura kugeza batanze ikamba.                                                                                                     

Ni ku ncuro ya 72 iri rushanwa rigiye kuba, kandi abakobwa bo mu bihugu bitandukanye vyo kw'Isi bamaze kuryitabira.

Marina Machete yavutse ari umuhungu akahinduza akaba umukobwa aherutse kwegukana ikamba rya Miss Portugal mu birori vyabereye muri Borba bimuhesha amahirwe yo guserukira iki gihugu muri Miss Universe izoba muri uyu mwaka.

Uyu mukobwa w’imyaka 28 yari asanzwe akora akazi ko kwakira no kwita ku ngenzi mu ndenge. Mw' ijoro yambikiyemwo ikamba, yanditse ku mbuga ngurukana bumenyi ziwe, ashima abamushigikiye n’uburyo bamuteye inguvu kugeza ageze ku nzozi ziwe.

Yavuze ko atewe ishema no kuba ariwe muhungu wa mbere yahinduje igitsina yagwaniye guserukira Portugal muri Miss Universe. Avuga ko mu myaka ishize atari koroherwa no kwitabira iri rushanwa, arenzaho ati “Ubu ni ivy’agaciro gakomeye kuri jewe.”

Ni ibintu ariko bitashimishije bamwe mu bantu bomuri kiriya gihugu, barimo Rui Paulo Sousa ari mu bagize Inteko Ishinga Amategeko ya Portugal.

Mu butumwa yatangaje ku rukuta rwe rwa Facebook, yavuze ko igihe yasoma inkuru ijanye n’uko Marina Machete yambitswe ikamba kandi yahoze ari umuhungu, yagizeko biteye isoni ari akamaramaza.

Avuga ko kuri we abifata nk’umunsi mubi ku bakobwa bakiri bato bakura bashaka kurushanwa no gutsinda mu marushanwa y’ubwiza.

Ku rundi ruhande ariko, hari abavuze ko ibi ari ikimenyetso c’uko abihinduje igitsina n’abo sosiyete ikwiye kubakira nk’abandi.

Marina yaje yiyongera kuri Rikkie Valerie Kollé yahoze ari umukobwa yihinduje yahoze arumuhungu akaba umukobwa, aho muri Nyakanga 2023 yegukanye ikamba rya Nyampinga w’u Buholandi bimuhesha amahirwe yo guserukira iki gihugu muri Miss Universe.

Bivuze ko muri uyu mwaka Miss Universe izitabirwa n’abahungu babiri bihinduje igitsina, bahagarariye ibihugu vy’abo.

Rikkie w’imyaka 22 y’amavuko, aherutse kwandika kuri konti ye ya Instagram yemera ko yahoze ari umusore ariko akaza kwihinduza akaba umukobwa. Yavuze ati “Nabikoze mu bushobozi bwanje kandi nishimiye buri bihe vyose naciyemwo.”

Mu 2012 niho abategura Miss Universe bahaye akaryo abasore bihinduje igitsina nabo kwitabira iri rushanwa. Mu 2018, Angela Ponce wahoze ari umuhungu yaciye agahigo aba uwa mbere yihinduje igitsina yitabiriye iryo higanwa, ico gihe yari aserukiye Espagne.

 Mu 2021, Kataluna Enriquez yabaye umusore wa mbere yahinduje igitsina yahataniye ikamba rya Nyampinga wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ni nyuma y’uko yari yambitswe ikamba rya Miss Nevada.

Mu 2021, Daniela Arroyo González yaciye agahigo ko kuba umusore wa mbere yihinduje igitsina yahatanye muri Miss Universe Puerto Rico. Aherutse kwandika kuri konti ye ya Instagram, avuga ko yashoboye kugera mu 10 ba mbere bavuyemwo Nyampinga.

Kugeza ubu, ibihugu bitandukanye vyo kw'Isi ntibiremera ko abasore bihinduje igitsina bahiganirwa mu marushanwa y’ubwiza. 

Muri Nyakanga 2023, abasore barenga 100 bihinduje igitsina bahiganwe bashaka ikamba rya Nyampinga w’u Butaliyano

Umushoramari Anne Jakkapong Jakrajutatip yihinduje igitsina, umwaka ushize yatanze amadorali Miliyoni 20 agura irushanwa rya Miss Universe. 

Vyatumye aba umugore wa mbere ashoboye kwegukana iri rushanwa, ariko kandi biri mu murongo wo gukora ubuvugizi ku basore bihinduje igitsina.

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact