Bujumbura hari umudandaza yari yibwe amafaranga ibihumbi 700 Fbu yari muri Lumicash yiwe abayivye baca bamwuriza imodoka bagenda bamutwaye

Inyamiramabi n'Umusuma 







Bujumbura hari umudandaza yari yibwe amafaranga ibihumbi 700 Fbu yari muri Lumicash yiwe abayivye baca bamwuriza imodoka bagenda bamutwaye. Yatabawe n'abantu birutse ku modoka barayifata...

 Hari kuri uyu wa 14 Gitugutu 2023 neza na neza isaha zitanu z'umurango (11 h) zirenga gato, aho umudandaza muri boutique akora n'ivyo guhanahana amafaranga biciye kuri Lumicash akorera muri karitiye Taba yo muri zone #Kamenge mu gisagara ca Bujumbura yabona haza imodoka isanzwe ikora akazi ko kwunguruza abantu ( Taxi) uwayirimwo niko kwinjira muri butike 



Nk'uko mwene kwibwa yabitwiganiye, ngo uno amaze kwinjira yashitse amwibarisha umuceri, niho yahavura amusaba ko yomurungikira amafaranga ashika ibihumbi 100 Fbu. Wa mudandaza amaze kuyarungika niko kumusaba ama inite ya 2.000 Fbu aca ahamagara umuntu, aho akiriko aramuhamagara niho yamusaba ko yomutiza agaterefone gatoya akagakoresha mu guharura: "Yamera nk'uwuriko araharura ibintu akoresheje calculatrice niho yaca akurawamwo ibihumbi 700 ayarungikira uwundi muntu na message aca arayifuta"

 Uko uwo musuma yamenye igiharuro kabanga (Code Pin) uwo mudandaza akoresha, we nyene yivugiye ko yakunda kuja muri iyo butike akaza arayiraba



Munyuma wa mudandaza yahavuye yegera kuri ya modoka kugira ngo yishuze ya mafaranga ibihumbi 100 Fbu yarungika niho bashaka kwiruka, babona ntivyokunda kuko hari abantu benshi, baca bamukwegera muri wa muduga bagenda baragwanirayo n'ikiyo kirameneka



Abantu bari ngaho rero baciye batabaza niho abakora akazi ko kwunguruza abantu bakoresheje amapikipiki biruka kuri wa muduga, bageze kuri Rond-point hafi y'ibarabara rija aho bita Kuwinterekwa muri zone #Gihosha, haciye haba umuntu atambika imodoka mw'ibarabara baca babura aho baca baba bafashwe gutyo

Muri kano kanya rero yaba umudandaza hamwe n'uyo musuma co kimwe n'iyo modoka baciye bashikanwa ku biro vya zone Gihosha bakaba bariko barumvirizwa n'inyamiramabi.

Musomyi bivanye naho uherereye harubusuma nkubwiy warumaze kumva?

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact