Club Zinduka ihurikiyemwo abanyonzi b'amakinga bo mu Burundi bagiye mu Rwanda kuramukanya

 


Club Zinduka ihurikiyemwo abanyonzi b'amakinga bo mu Burundi bagiye mu Rwanda kuramukanya, bari baherekejwe na bamwe mu bakora mu kigo "Talitha Koum" cakira abana bafise ingwara ya Autisme (Ndugaye)



Kuva mu gisagara ca Bujumbura gushika i Kigali mu Rwanda ntibiba vyoroshe (ibirometero 300), ariko abanyonzi bo mu mugwi "Zinduka" babigize mu mwanya muto 



Bavuye i Bujumbura ku wa 13 Gitugutu, ariko ku wa 14 Gitugutu 2023 bari bamaze gushika, aho baca hose bakaba babikoze bagenda barahimiriza, bigisha ku bijanye n'ingwara ya #Autisme bita "Ndugaye"


🤩 Uyo mugwi rero wama ugira ingendo buri mezi 3 uva i Bujumbura uja mu ntara hagati na rimwe mu mwaka mu gusohoka igihugu


✍🏾 Hambavu yo kwinonora imitsi, uyo mugwi wari wagiye uherekejwe na bamwe mu bakozi b'ikigo "Talitha Koum" cakira abana bagendana ingwara ya Autisme 


💬 Nkuko vyashikirijwe na Steve Ntwari arongoye uyo mugwi w'abanyonzi b'amakinga "Zinduka", urwo rugendo bagize si urwo kwinonora imitsi gusa ahubwo harimwo no gutororokanya uburyo kugira bafashe ico kigo Talitha Koum bwo kurangura neza igikorwa biyemeje mu gushira ahabona iyo ngwara ya Autisme ngo abatayizi bayimenye kandi bayivuze

🙏🏾 Ninziza Nolia, umwe mu bakozi b'ico kigo nawe yarashimye ico gikorwa uko cagenze kuko mu nzira hose bagiye baracamwo bakaharuhukira (abanyonzi) baratanze inyigisho ku banyagihugu (barahagaze i #Bugarama, mu ntara ya Bujumbura, i #Matongo mu #Kayanza, i #Ngozi n'ahandi) narirya iyo ngwara isanzwe itazwi na benshi mu kibano

🧐 Iyo ngwara ya Autisme ngo ni ingwara iyo itavuwe (canke itahurwe n'ababanyi b'uwuyigendana) hakiri kare ishobora gutuma umwana atabandanya kwiga (iyo afise type 3), umwana aguma yiherera ntaje hamwe n'abandi canke akagaragaza urukundo rw'ibikoresho, ibintu (objets) kuruta abantu nk'uko Ninziza Nolia abandanya abishikiriza

 #Inkino #Amagara 

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact