Ishengero ryo muri Uganda ryatsinze Guinness World Record inyuma yo gukoma amashi amasaha arenga 3



Abayoboke b'ishengero rya Phaneroo Ministries Ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala, bateraniye mu birori vyiswe "Amashi kuri Yesu" vyokwigina isabukuru y'imyaka icyenda iryo shengero rimaze. Iryoshengero ryakomye amashi amasaha 3 yose hamwe iminota 16, baririmba  amajwi kurugero  rungana na 88.5 dB.



 





Muri ivyo birori, abitabiriye 926 bakomye amashi ubutaruhuka amasaha atatu niminota 16. Kugira ngo Guinness World Record yemerwe, “bagomba kuguma hejuru ya 80 dB mu gihe cyose bariko bararirimba.” Guinness World Records niyo  yabitangaje. Grace Lubega, umuyobozi w'iryo shengero, yasobanuye ko invo yo"Gukoma amashi kuri Yesu" kwari uguhuza abantu mu mwuka wo gushimira no kwishimira.

 Ibirori vyari ibintu bishimishije,  bemeza ko abitabiriye amarushanwa bakomeje gukoma amashi ata kuruhuka. Ivyakozwe ntabwo vyabonywe nabari bateraniye muri salle gusa ahubwo vyanerekanywe kubantu benshi.

Baza barabaramiza amazi kugira babashe gukoma amashi nukuririmba bataruhutse.


 Abayobozi b’ikigo gishinzwe ubuziranenge ca Uganda n’urwego rw’igihugu rushinzwe kuyobora basketball bakurikiranira hafi iki gikorwa kugira ngo cemerwe.  

Uku kwerekana ibidasanzwe  vyatumye ishengero rya Phaneroo Ministries rifita umwanya mwiza  ukwiye nikibabza ciza muri Guinness World Records.

 Inkomoko  yamakuru: guinnessworldrecords

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact