France: Ibihere vyateje uruhagarara mu bisagara bitandukanye

France: Ibihere vyateje uruhagarara mu bisagara bitandukanye kugeza aho abashingamateka basaba Leta gusohora itegeko rijanye n'ibihere vyo munzu

Muri iyi misi ibiriko bibera mu gihugu c'ubufaransa ni akajembegete aho amazu yatewe n'ibihere mumagariyamoshi, amashure, muzu ya cinema n'ahandi abantu bavyukana amabara kumubiri abandi baratinya kwicara canke kwinjira muri gariyamoshi.



Amashure amwe amwe akaba anamaze kwugara imisi mike kugira babanze gupompa ibibanza vyatewe n'ivyo bihere ndetse amakungu nayo akaba atewe ubwoba n'ivyo bihere vyateye mu gihe hasigaye amezi 9 ngo inkino mpuzamakungu Jeux Olympiques zitangure.

Abashingamateka bakoranye imbere y'umushikiranganji wambere, kuri uyu wa 03 Gitugutu 2023 bakaba basavye Leta gufata ingingo yerekana uko bagiye kugwanya ako gakoko kitumira mu nzu kakanatera nyeninzu guhunga.

mbega aho iwanyu kumashure akwegereye ikibazo kijanye nibihere mugitorera umuti gute

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact