Haburana babiri hagatsinda umwe. Tyson Fury ni we yaraye atsinze urukino rwa box rwamuhuza na Francis Ngannou mu gisagara ca Riyadh, Arabiya Sawudite.



Ejo mu masaha y'ijoro ni ho haba urukino rwa Box rwari rwitezwe cane kw'isi yose rwahuza umwongereza Tyson Fury n'umunya Cameroon Francis Ngannou.Tyson Fury akaba ariwe yatahukanye intsinzi nk'uko vyemejwe n'abatanga amanota(judges). Yamara, kugeza ubu, hari benshi bemeza ko Francis Ngannou yoba yaraye arenganijwe, ndetse bakemeza ko yarushije cane uyo bari bahanganye. Ivyo babishingira ko mu gice ca gatatu Ngannou yashize hasi (knock down) Tyson Fury bivuye ku gipfunsi co mu mutwe yamukubise kandi akaba yabandanije avyitwaramwo neza mpaka ibice cumi vy'urwo rukino biheze. 

Hari n'abavuga ko gutsindwa kwa Ngannou vyoba vyavuye ko akiri mushasha mu nkino za Box, mugihe Fury wewe yari amaze imyaka yababa 25 muri ayo mahiganwa. Kuri bo rero ngo abarongozi b'amahiganwa ya box boba batinye ko hamwe vyokwemezwa ko Ngannou yatsinze kandi ari urukino rwiwe rwa mbere muri box, vyohava biha isura mbi kuri iryo higanwa.

Inyuma y'urwo rukino Tyson Fury yari yitezwe mu rundi rukino ruzomuhuza n'umunya Ukraine Oleksandr Usyk kw'igenekerezo rya 23 Kigarama. Yamara, uwumuserukira akaba yamenyesheje ko bitihutirwa kwemeza iyo tariki kuko uyo mukinyi yababaye cane ku jisho kandi umwanya usigaye ari muto.

Mwomenya ko Ngannou akomoka mu gihugu ca Cameroon aho yakuze aropora umusenyi, ariko ubu akaba aba mu gihugu c'Ubufaransa. Bikaba bivurwa ko urukino rwa muhuje na Tyson Fury yaruhembewe amafaranga yababa imiriyoni zitanu z'ama dorari y'abanyamerika.

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact