Intambara muri Palestine irateye ubwoba muze dusenge dusengere palestine



Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire avuga ko Israel idashobora gukora ivyo yishakiye muri Gaza ngo bigende uko nyene, akagabisha ko mu masaha ari imbere hashobora kuba ibikorwa vyo kuburizamwo.

Amajambo ashikirijwe n’uno mushikiranganji ni yo ya mbere akomeye yerekana ko intambara ishobora gukwirakwira, ikaba intambara y’akarere.

Umushikiranganji Hossein Amirabdollahian avuga ko mu masaha ari imbere “ihuriro ryo kwirwanako” (front de résistance/resistance front) rishobora gukora “ibikorwa vyo kuburizamwo” – mu gihe “ivyaha vyo mu ntambara ku Banyapalestina” bikorwa na Israel bitohagarara.

Iri “huriro ryo kwirwanako” rihurikiyemwo imihari ya gisirikare yo mu karere harimwo na Hezbollah, umuhari ukomeye cane wo muri Libani, ukaba ushigikiwe na Iran.

Mu ndwi iheze, Hezbollah n’igisirikare ca Israel vyarateranye ibisasu ku rubibe, hakaba hari ubwoba ko uru rushobora kuba urundi rwasiro rwiyongereyeko.

Hezbollah ifise ibirwanisho vyinshi cane, harimwo n’ibisasu vya misire bishobora gushika kure hagati muri Israel, co kimwe n’ibihumbi mirongo vy’abarwanyi bigishijwe neza ivy’intambara, hamwe n’abarwanyi karuhariwe.

Hezbollah – bisigura "Umugambwe w’Imana " – ni umuhari wa poritike na gisirikare uhurikiyemwo aba-Islam b’aba-Shia ufise inguvu nyinshi muri Libani.

Washinzwe ubifashijwemwo na Irani mu gihe Israel yigarurira ubutaka bwa Libani mu ntango z’imyaka ya 1980, n’ubwo amarangamutima yayo afise amamuko muri Ilsma nshasha y’aba-Shia muri Libani mu myaka ya 1960 na 70.


Icuka kibi ku rubibe rwa Israel na Libani cariyongereye kuva Israel itanguye ibitero vyo kwihora Hamas muri Gaza. Aha hari ubwoba ko uru rushobora kuba urundi rwasiro muri ino ntambara na rirya Hezbollah isanzwe ishigikiwe na Irani iriko irayinjiramwo.


Iri “huriro ryo kwirwanako” ririmwo kandi imihari ifashwe mu mugongo na Irani muri Syria – ihana urubibe na Israel – hamwe no muri Iraki.

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact