INYUMA Y'AMEZI ABIRI AGIZE MARIAGE UKU NIKO YABAYE AKABA AHERUKA KWIBARUKA AMEZE UKU NYENE



Birababaje cane ingwara iteye ubwoba nimba ufise umutima nawe gira icufashije  uyumuvyeyi amagara amukitse kubw'Indwara itazwi yamufashe gushika aho amaso asa nkayari hejuru.

Umushingantahe wiwe RUBERINTWARI_Moise yatwiganiwe uko vyatanguye ati:"Twari tumaze amezi abiri tugize mariage,niho haza akavyimba gatoya gaca kagenda gakura gushika aho aja kwa muganga baramufasha ariko nta nyishu biratanga.

Twahavuye dusanga yibungenze,abaganga barakoze ibishoboka vyose baritaho amagara yiwe y'ikibondo cari mu nda be na nyina nubwo mu maso yari kumisonga"

Gushika ubu ni amezi abiri uyu mukenyezi yibarutse,umwana akaba yaciye ajanwa na Se kumwitaho

ati:"Umwana nijewe se turikumwe,sinkirya sinkiryama,ubuzima buri mubibazo gusa.

IBITALO CEMCECA biri mu kinindo aho umugwayi ari badusavye ko tworondera $20 000 maze avurirwe hanze ico kivyimba bagikureko.

ubu rero turiko turatabaza abantu b'impuhwe badufashe"

Umugwaye ari muri numero 10 ahazwi ko hagwarira aba Cancer.

Ku bantu bari hanze,Kumushigikira uca ngaha: https://gofund.me/03aa0ae3?fbclid=IwAR1qrqFxpX2sgbKJSRASZeOyrZuFXm7VSpfdWDMLXO_2bADdsunC3jU1QV0

Kubari mu Burundi,Lumicash yiwe ni:68 816 381(Ruberintwari Moise)

Compte ya Coopec:15261(Ruberintwari Moise)

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact