Karusi: Abantu 6 bapfuye abandi 8 barakomereka cane bivuye kw’isanganya ry'imodoka ryabereye i Buhiga



 Karusi: Abantu 6 bapfuye abandi 8 barakomereka cane bivuye kw’isanganya ry'imodoka ryabereye i Buhiga, mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatanu. Amakuru atangwa n’ubushikiranganji bujejwe umutekano avuga ko vyabaye isaha zibiri n’iminota itanu z’ijoro.

Pierre Nkurikiye abuvugira amenyesha ko imodoka yo bwoko bwa Remorque yari ivuye mu gihugu ca #Tanzania yagonze iyindi yo bwoko bwa Tayota (stout), yarimwo abantu bavuye ku maziko. Bose ni abo ku mutumba Rudaraza.

Imvo y'iryo sanganya ni umvuduko urenze hamwe no kudakurikiza amategeko y'ibarabara nk'uko bivugwa n'igiporisi.

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact