Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yahaye umubonano Gianni Infantino arongoye FIFA n'abo bagendanye ku kirimba "Kwa Ntare"

 



👌 Inyuma yo gutanguza umugambi "Football for school" hari mu ntara ya Cibitoke kuri uyu wa 21 Gitugutu 2023, Gianni Infantino yakiriwe n'Umukuru w'igihugu c'Uburundi ku kirimba baraheza baganira ibitari bike mu migambi ikwiye gukorwa mu Burundi mu bijanye n'umupira w'amaguru, barahana n'utuganuke

Evaritse Ndayishimiye na Gianni Infantino bahavuye baja kurabira hamwe aho ibikorwa bigeze vyo gusanura ikibuga Intwari kiri mu gisagara ca Bujumbura

🎙️Gianni Infantino yagize ati: "Igihugu kimaze kwiyumvira kwubaka ikibuga mpuzamakungu kiba kiri mu nzira yo guterimbere mu mupira w'amaguru. Natwe nka FIFA turagira ico dufasha mu guteza imbere umupira w'amaguru"

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact