Kayanza:Abasuma babiri bafatanywe itonga mu buca bw'ijoro ryakeye kuri uyu wa gatandatu bikoreye intama 2 bavuye kwiba bamaze kuziniga

 


 

Nk'uko amakuru ava aho bafatiwe mu gacimbiri Gati ku mutumba Musave muri komine n'intara y'intara ya Kayanza abivuga, ngo abo basuma bavuga ko izo ntama bazivye ku mutumba wa Kavoga muri komine Muruta iyo ntara nyene ya Kayanza. 

Abo basuma babiri bafatanywe itonga aribo Nkurunziza Eric w'imyaka 29 ava ku mutumba Kavoga muri komine Muruta na Niyibitanga Manassé w'imyaka 33 ava ku mutumba wa Mpanda Migege muri komine Kayanza bakaba ngo bavuga ko izo ntama bari bazishiriye umuclient wabo asanzwe ngo abagurira ibitungwa baronse muri ubwo buryo. Uwo nawe ngo akaba aba ku mutumba wa Bubezi muri komine Kayanza.

Musitanteri wa komine Muruta Audace Hacimana arashima igikorwa cakozwe na komite y'umutekano ihuriwemwo na bose muri komine ya Kayanza co gufata abo basuma, agahamagarira abenegihugu arongoye guhora birarira mu ntumbero yo gutuza ubusuma.

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact