Menya amakuru yinguge 2 zatorotse muse vivant zishaka ingabo

Burya ibikoko ninkabantu inguge zibiri zatorotsem muri muse zija kurondera ingabo kubwubushuhe

 Inguge zibiri z'ingore zari zishushe zishaka ingabo zaratorotse ikigo Musée Vivant c'i #Bujumbara zirara mu mihana no mu bubare ziteza akajagari mu bantu.

musee vivant de bujumbura
Inguge zatorotse musée vivant 






Izoo nguge ni Lulu na Avril. Zatorotse ejo ku wa 4 Gitugutu 2023 mu masasita zica zija mu mihana y'abantu zibanza gutera ubwoba abo vyahuye ubwa mbere harimwo n'abo zakomerekeje n'umukozi w'ikigo Musée Vivant arimwo. Igitigiri nyezina z'abo zakomerekeje kikaba kitaramenyekana

🥵 Intandaro y'iryo toroka ngo n'uko izo nguge z'ingore zari zisanzwe zibana bari bazegereje iyindi nguge y'ingabo yitwa Joy. Ni inyuma y'aho Joy aho yaba yanyagirwa mbere n'umugenzi wayo Kita akaba yari yarapfuye. Hari haheze indwi yegeranye n'izo zatorotse

🎙️ Amakuru twahawe n'abo mu buyobozi bw'igisata c'ingenzi no mu buyobozi bwa Musée Vivant bariko barazikurikirana ngo zisubire mu buraro bavuga ko Lulu na Avril baguma banyiganza inzu zibamwo zishaka gutera ico kigabo bacegereje ico naco kikazitinya. Nikwo gukubita amaferabeto akomeye zirayagonda zibona gusohoka zishavuye. Bemeza ko iyo ziri mu bihe vyo gushaka ikigabo ziba zishushe zifise inguvu nyinshi kuburyo ziguma zigwana no gusohoka

🍻 Izo nguge nk'uko vyemezwa n'abo ku kabare #Bahamas ngo zahageze ejo mu masaha ya sacenda ziha inzoga zine zo mu bwoko #RedBull zica zaka n'#ibaju umukenyezi yari ahari. Hari n'abavuga ko zabanywere ama jus abandi zibaka imfunguruzo abandi zibarira inrya zashikirako

😜 Izo nguge uko ari zibiri ubu ntiziri kumwe. Imwe iri mu micungararo y'ahari #Brarudi iyindi iri mu Kabondo mu micungararo y'ishure BIMS aho yateye ubwoba abanyeshure mu gihe bari mu vyigwa

✍🏾 Ubuyobozi bujejwe igisata c'ingenzi mu Burundi, ubuyobozi bw'ikigo Musée Vivant, igiporisi kijejwe gukingira abanyagihigu hamwe no mu kigo OBPE bariko barakora uko bashoboye kwose ngo basubize izo nguge mu buraro bwazo. Igikorwa gisa n'ikitoroshe kuko babikora batagira ibikoresho bikwiye, imiti zo kuzitera ngo bisinzire ntiyazifata, imisegetera yo kubizingira n'ibindi bikoresho bisanzwe 

💉 Mu buyobozi bw'igisata c'ingenzi bakavuga ko bafise intambamyi yo kubura ibikoresho bigezweho n'abaganga babinonosoye. Bakavuga ko iyo bagira agakoho kajejwe kuzitera umuti ziri kure baba bazisubije aho ziba


🔰 Mu buyobozi bw'ikigo Musée Vivant kandi barabeshuza inkuru zivuga ko izo nguge zitoroka zishonje. Bagira bati: "Izo nguge zifashwe neza cane. Zirafungura mu gitondo, ku mutaga no ku mugoroba. Ziritwararitswe cane kuko hari n'abandi bigenga n'ishirahamwe rijejwe inguge bafasha mu gutuma zimeregwa neza"


📌 Mwomenya ko izo nguge 2 n'ubu batarashobora kuzisubiza aho ziba kuva ejo

 Umuti w'ukugumya izo nguge woba uwuhe?

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact