Motare i Makamba yahanishijwe gufungwa imyaka 2: yari yafatiwe muri komin Kibago

 


Motare i Makamba yahanishijwe gufungwa imyaka 2: yari yafatiwe muri komin Kibago isaha cumi z'ubuca kur'uyu 20/10/2023 apakiye imifuko 6 y'ifumbire ya Fomi Burundi umwumwe upima ibiro 25

 Mu rubanza rw'ikibiriraho rwaciwe na Sentare Nkuru y'igihugu y'i Makamba ku mugoroba wo kuruyu wa 21/10/2023, uwo mu motare yagirijwe n'umushikirizamanza ko iyo fumbire yarayijabukanye muri Tanzania, n'ubwo uwagirizwa we yemeje ko aruwarayimurungikanye ngo ayimujanire i Kibago

 Inyuma y'umwiherero wa Sentare, uwashengejwe yagiriwe n'icaha co gutwara hanze y'igihugu ifumbire igenewe abenegihugu, aca ahanishwa gufungwa imyaka ibiri, hamwe n'ihadabu y'ibihumbi 500 ifumbire yafatanwe nayo ihabwe abenegihugu ku buntu 

Ico gihano muragitahura?

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact