Mu gisagara ca Ngozi umwana w'umwigeme yarafashwe ku nguvu n'umuvyeyi amutunze




 Umwana w'umukobwa afise imyaka 16. Kuri uyu wa 23/10/2023 inyuma ya sasita niho yashurashuzwa ku nguvu n'umuvyeyi amutunze

 Uwo mwana yahavuye atabaza abajejwe intwaro n'umutekano barikumwe n'abaharanira agateka kabana baratabara, umwana ashikanwa kwa muganga uwakoze icaha asanzwe afise imyaka irenga 30 aca ashirwa mu gasho n'igiporisi mu gisagara ca Ngozi

 Mw'ishirahamwe FENADEB riharanira agateka k'abana, bashikanye kandi bakurikirana uwo mwana gushika isaha zine zijoro bemezako ibimenyetso vyinshi vyemezako icaha cakozwe. Muri FENADEB bagasaba ko uwakoze icaha nkico yohanwa n'amategeko ariko kandi ingeso yo kwumvikanisha uwakorewe icaha n'uwagikoze murivyo vyo gushurashuza abana yohagarara



Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact