uwahoze ari umugore wa Jose Chameleone Daniella Atim yavuze icobapfuye

José chameleone na Daniella uwahoze ari umugore wiwe :photo







Umugore wa Josen Chameleone Daniella , yavuze ko umugabo we yari yarishwe n’inzoga n’itabi vyatuma ataha ijoro canke bukeye.Ibi ngo nivyo vyatumye gutandukana kwabo bompi.

Amakuru yo gutandukana kwa Daniella na Dr Jose Chameleone , yatanguye kuvugwa mu myaka iheze ndetse no kugeza ubu.vyavugwa ko gutandukana kwabo vyatewe n’uko uyu mugore yahohoterwa cane n’umugabo wiwe ariwe Jose Chameleone.Bivugwa ko kandi nyuma yo gutandukana Daniella , yafashe abana bari bafitaniye ,akabajana muri Amerika arinaho baba kugeza ubu.Ibi vyatewe no kubangamirwa n’uyu muhanzi afise izina rikomeye muri Afrika, yashaka kuja ahora abahohotera atitaye kubana biwe.

Mu kiganiro Daniella yagiranye n’umunyamakuru akorera kuri Youtube [Youtuber], yavuze impamvu yanyayo  inyuma y’itandukana ryabo ndetse anavuga ko atagombaga gukomeza kwihangana.Muri iki kiganiro Daniella yasobanuye ko impamvu nyamukuru ari uko umugabo wiwe yari yarabaye imbata y’ibiyovyabwenge kuburyo atabasha gutaha kare.Uyu mugabo yataha yaborewe ngo ntabashe kwiyitaho canke ngo yite k’umuryango wiwe, agerageza kumusaba kwikosora incuro nyinshi ariko birangira avyanse niko gutandukana nawe

Daniella yagize ati:”Chameleone yakunda kunywa cane ,Hari uho yataha murugo saa tatu , saa yine za mu gitondo ,canke saa tanu za mu gitondo, ntashobore kwiyitaho.Nakoze uko nshoboye ndamufasha ariko ndamusaba guhinduka kuko twari tumaze gukura.Sinifuza ko yoba icitegererezo kibi kubana bacu.vyarangiye rero yanse guhinduka.Umunsi umwe namuhaye amahitamwo ndamusaba guhitamo hagati yanje , abana bacu n’ibiyovya bwenge , arangije ahitamo ibiyovyabwenge.Aha niho nahise mfata ingingo ikomeye yo kwigendera”.

Ubuzima bwa Jose Chameleone bwagiye bwangizwa cane no kunywa cane vyanatumye aja ahora kwamuganga kubera uburwayi bwo munda  .Ubwo yari avuye kwivuriza muri Amerika mu minsi yashize , Se umuvyara yamusavye guhagarika kunywa n’itabi kugirango yongera iminsi yo kubaho nk’uko ikinyamakuru ghafla kibitangaza.

Ubu nibwo bwambere Daniella yari avuze icateye indatukana hagati yiwe na Jose Chameleon.Nyuma yo guhana gatanya(divorce), Daniella na Chameleone bafitanye abana 6.

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact