Bururi: umwigisha arimuminwe yinyamiramabi inyuma yaho Umunyeshure apfuye kubera inkoni yakubiswe



baranse gufuba umwana wabo hatabanje kuba amatohoza ku rupfu rwiwe .

mwigisha Niyukuri Fidel w’icirwa c’ibiharuro kw’ishure rya Kajondi muri komine Rutovu i Bururi ari mu minwe y’inyamiramabi kuva kuri uyu wa gatandatu itariki 11/11/2023, inyuma yaho "umunyeshure apfiriye kubera inkoni yakubiswe nuwo mwigisha", nk'uko amakuru ava ng'aho avyemeza

 Uwo munyeshure yapfuye yahora yiga mu mwaka w'indwi. "Igihe bariko bariga kuri uyu wa gatandatu, uwo munyeshure yarahanwe n’umwigisha kuko atari yazanye igikoresho bita mu gifaransa ‘boite mathematicale’. Inyuma y’umwanya muto yaciye atangura kuyorwa amaraso, baca bamunyarukana ku bitaro bitoyi vyegereye iryo shure, aho yahavuye acikanira"

 Umuryango wiwe wemeza ko yapfuye kubera inkoni yakubiswe kw'izosi, bakavuga ko adashobora gufubwa ubutungane budakoze ngo uwo mwigisha ahanwe

Umuyobozi w'ishure asaba ko abajejwe amatohoza boyanyarutsa kugira ukuri kumenyekane, niyo icaha cagira uwo mwigisha ahanwe

Mwomenya ko ikiziga c'umwana kiri mu buruhukiro bw'ibitaro vya Rutovu, mu gihe, harindiriwe ko amatohozwa akorwa

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact