Iryo sanganya ryabaye ku murango wo kuri uyu wa mbere muri komine Mutaho mu ntara ya Gitega
Nk'uko abavyiboneye babishikiriza ngo iyo kamyo itwara igitoro yarijanye igitoro kuri "station" yo ku murwa mukuru wa komine Mutaho, intara ya Gitega.
Ishitse aho i Mutaho ikaba yaciye ingwa mu muserege maze iratembagara ndetse n'igitoro yari ipakiye kiraseseka.
Abajejwe intwaro n'umutekano bakaba baciye babanguka kwigizayo abenegihugu bari baciye basidukana n'iyonka kuyora igitoro cahasesetse mu ntumbero yo gukinga impanuka zari gushobora kuva kuri ico gitoro.
Amakuru ava muri iyo komine akavuga ko Imana yakinze atamuntu yahasize ubuzima canke ngo ahasinzikarire.
Haheze umwanya niho bahavuye bazana iyindi modoka kugirango bavomeremwo ico gitoro. Bataraheza kukivoma niho baja babona hadutse umuriro.
Ya kamyo bariko bavomeramwo ibitoro yaciye yigizwa inyuma uwo muriro ucaduka.Iyo yatemvye ikaba yahiye iratokombera. Nta muntu yakomeretse canke ngo ahasige ubuzima.