Gitega: umugabo umwe yahagaritswe n'inyamiramabi yagirizwa guturira inzu y'umuvyeyi wiwe



Iryo sanganya ryashitse nk'igihe c'isaha indwi zo kuri uyu wa 20/11/2023, muri karitiye Magarama ya komine Gitega. Nk'uko vyiganwa n'ababanyi, uwo mugabo ngo yinjiye mu nzu atangura gushwanira umwana w'umwigeme ahaba, aramusohora mu nzu haciye akanya babona inzu iriko iraka

Ababanyi bagerageje kuzimya bongera babomora uruhome kugira barabe uko bokura ibintu mu nzu ariko umucanwa wabarushije inguvu

Igiporisi kijejwe gukinga impanuka cahanyarukiye kirahumuza uwo muriro, kirakingira n'izindi nzu n'ubwo ata vyinshi vyarokotse muri iyo nzu yahiye

 Abo babanyi bavuga kandi ko uwo mugabo asanzwe yubatse urwiwe mu nzu yahawe n'abavyeyi isanzwe iri muri urwo rupangu nyene. Bakemeza ko yoba anywa ibiyayuramutwe kandi ko yaramaze igihe afitaniye umubano mubi n'umuvyeyi wiwe hamwe n'umufasha wiwe

👀 Musomyi, wibaza ko ububisha nkubwo buva kuki?


Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact