Kayanza :Ubusuma nkubu ngo ntibwari bumenyerewe mu Kayanza!



Hagatiy'isahaicendani isaha cumi z'ubucagucagu zo kuri uyu w'lmana ushira uwa mbere K'umutumba Gahahe komine n'intara ya Kayanza akagwi k'abasuma bikoreye inrya zitetse bavuye kwiba kaserukiye ku benegihugu bicungereye kuko kuri uwo mutumba no mu micungararo yaho haheze iminsi ngo havugwa ubusuma butandukanye bugizwe ahanini n'ubwo mu mazu no mu mirima bwama bukorwa mw'ijoro n'abantu batazwi.

kwaliti by gh indirimbo iryoshe yirabe yose ngaha

Abitwiganira Barnabé Ndayishimiye umwe mu bajejwe intwaro kuri uwo mutumba yatubwiye ati:"Kubera atamunsi wijana tutumvise ubusuma twari twihaye gucungera abiba abenegihugu tuza tubona akagwi k'abantu tutamenye bikoreye amasafuriya bafise indobo n'ishashi ivamwo ibigori vy'imbuto badutuyeko amaguru tubabajije iyo bagiye mw'ijoro baca bavugako bagiye mu mirima guteragira,duca tubabwira ngo birenganire baca barakebwa bamera nk'abasubira inyuma uwa mbere tubona arirutse bose baca birukira rimwe tubakurikiye baca barata bimwe mu yo bari bivye bariruka baradusiga niko kuraba ivyo bari bafise dusanga n'indobo irimwo amamesa, isafuriya 3 zibiri zirimwo irya zigizwe n'umuceri n'ibiharage hamwe n'ishashi irimwo nk'ikiro n'igice vy'ibiharage n'umwambaro w'ibirato."

Amakuru ava mu bajejwe intwaro kuri uwo mutumba akavugako ivyo vyatawe n'abasuma vyajanwe k'uwurongoye umutumba Gahahe kugira barabe ko benevyo bomenyekana,bagasabako umwenegihugu yo kwama atanga amakuru ku bajejwe intwaro mu gihe biketse umusuma uwufashwe nawe agashikanwa mu butungane kandi agahanwa vy'akarorero kugira ubusuma butuzwe.

Tubibutse ko atakiringo kinini cari bwahere kuri uyo mutumba hafatiwe abagabo 2 bivye ibitoke mu mirima mw'ijoro.

  Aho uherereye vyifashe gute ?

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact