ngibi Ivyogufasha kongera gukunda nimba hemukiwe kenshi



Nyuma yuko uhemukiwe n’umukunzi wawe warababye kenshi murukundo ukageregez kubitaho kenshi ariko bose basiga baguhemukiye, ushobora  none kongera kwinjira mu rukundo bigashoboka kandi bikagenda neza igihe wokurikiza impanuro tugiye kuguha muri iyi nkuru.

Banza wiyakire: Kuba waramaze kwakira ivyakubayeko nivyo bizagufasha gutangura ubuzima bushasha. Kwakira ivyakubayeko uzabifashwamo no kumva ko ubuzima butarangiriye aho ukiha icizere ko imbere ariho heza aho kumva ko bizongera bikagenda nabi.

Ntukumve ko uzavurwa n’undi muntu muzakundana: Igihe ugifite ibikomere ntukizere ko uzabimarwa n’undi muntu mugiye gukundana. Sivyiza ko utangura urugendo rw’urukundo wumva ko hari imitwaro bigiye kukuruhura ahubwo wewe wishakeko ico uzamumarira. Muri make mu rukundo witegura gutanga kurusha guhabwa. za uririnda rero kwirukangira kongera gukundana utateguye umutima.

Ja ureka ivyahise bigumane n’ahahise: mu gihe wongeye kwinjira mu rukundo ja wirinda ko uwo mukundana ahura n’ingaruka z’ivyo wahuye nazo canke ngo uje ubimukangisha. akarorero nimba uwo mukundana agusavye gusohokera ahantu uwo mwakundanga yagusohokana ntukamubwire ko bikwibutsa ibihe mwagiranye nawe canke  ngo umubwire ko wanse ko mujayo kuko udashaka ko hakwibutsa uwo mwakundana, Ushobora kumubwira ko utahakunda gusa ivyo uwo mwakundana ukabireka kubivuga.

Itonde ukunde uwo umutima wawe ushaka: kwihutira gukundana kuko wumva udashaka kuba wenyene canke ngo wumve ushaka uwo muzabana kubera ngo abo mwiganye bose ngo bararongoye , canke kubera ko abavyeyi canke abagenzi bakubwira ngo urongore ivyo ntukabikore birasabako wobijamwo kuko uvyiyumvamwo kandi ukanabisengera. Kunda umuntu kuko wumva ko umukunze atayindi mpamvu ibigutera.

Irinde kuvangana; Si vyiza  kumva ko uresha abakobwa benshi kugirango  umwe niyaguhemukira izagire uwundi usigarana kuko bishobora kukubera bibi navyo bose ukaba wababurira rimwe. Fata uwo ubona ukunda kurusha abandi ariwe mugumana utitaye ku kuba warigeze kubikorerwa nawe(warigeze kuvangwa).

Gerageza amahirwe ubonye: reka kugumana ubwoba bwo kumva ko uzongera guhemukirwa kuko wosanga uwo ariwe mahirwe yawe  kuko abagiye ntibari abawe niwige gkunda gushasha  izere kandi uwomurikumwe kuko ashobora kuzogukunda urukundo nyarwo waburiye mu bandi bose basize bagukomerekeje.

Ibi ni bimwe mu byagufasha kongera gukunda nyuma yuko abo mwigeze gukundana bagusigiye ibikomere bikuremerera ku mutima.

ayo niyo mahirwe yawe uronse kandi yokongera gukunda ntiwihebure kuko ufise uwawe, ntawubura uwiwe iga kwitaho abakwitayeho, kunda uwugukunda.

 musomyi nimba usomye iyinkuru ikagira ico  igufashije wodufasha nawe ukayisangiza abandi kuko nimba yahashije harabandi yofasha. kugira uzokwame uronka amakuru nkaya nahawe hokwama udukurikirana

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact