Umurundi akoze amateka i Douala muri Cameroun yujuje ikibuga ca japoma Aho hariko habera kanguka



Kugeza ubu benshi ntibaratahura igituma ico gikorane c’i Douala citabiriwe n’abantu bangana gutyo . Benshi mu BanyaCameroun twaganiriye batubwiye ko batanguye gukurikirana amasengesho n’ubutumwa bwa #KANGUKA kuva mu mwaka w’2022, biciye kuri telephone.

Hari bamwe baba bafise ama groupes ya WhatsApp baronkamwo ubwo butumwa , abandi ugasanga bari ku maradiyo . Rero bumvise ko Chris Ndikumana, umuvugabutumwa w’umurundi atanga izo nyigisho ko azoza mu gihugu cabo , baciye baba baramwitegurira kuva mu mezi abiri aheze.

Baremeza ko kubw’amasengesho yiwe benshi baratabawe , abandi barakira ingwara , abandi barakira agakiza , biciye mu kiganiro KANGUKA.

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact