Muramvya: umukenyezi yaraye apfuye ahitanwe n'uruzi Kibenga rwo mu Bukeye. Umugabo wiwe bari kumwe nawe ntawuramenya irengero ryiwe...



‍Aho ni wo ku mutumba wa Buhorwa ku gacimbiri Nyamugari ka komine Bukeye, mu ntara ya Muramvya. Uwo mukenyezi yatowe ikiziga mu gatondo ko kuri uyu wa 11 Kigarama 2023, mu mwonga wa Kibenga, inyuma yo gutwarwa n'uruzi Kibenga mu mvura nyinshi yaguye ku muhingamo wo kuri uyu wa 10 Kigarama 2023

Nk'uko vyiganwa n'ababanyi, uwo muvyezi w'abana 5 yari yajanye n'umushingantahe wiwe ku rubanza, niho barindira ko imvura ihita barabura, imaze kugabanuka niho baca bayigendamwo, bageze ku ruzi Kibenga rugabura umutumba wa #Kiziguro na #Gahaga niho basanga rwuzuye, hakaba hikekwa ko boba baguyeyo bose

Abo babanyi bagira bati: "Ntawuzi uwatanguye kugwayo ariko twikeka ko umwe yoba yaraguyeyo ariko agerageza kujabuka uwundi aca aja kumukurayo baca batwarwa bose"

Gushika n'ubu ngo umugabo wewe ntibarashobora kumutora, imiryango ikaba ikiriko irarondeza aho urwo ruzi rwoba rwaramutaye

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact