Muri zone Cibitoke, igitoro caraye gihatswe kwiha inkumbi imodoka zahiye ziratokombera raba video

Muri zone Cibitoke, igitoro caraye gihatswe kwiha inkumbi

Ejo ku muhingamo, itariki 10 Kigarama 2023, hari amasanamu yahanahanywe ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana umuriro mwinshi mu rupangu uriko uraturira imodoka. 

Bamwe barahanahanye ayo masanamu bongera bamenyesha ko "vyabereye kuri sitasiyo imwe iri muri zone Cibitoke yo muri komine Ntahangwa y'igisagara ca Bujumbura".

Amakuru y’imvaho twakuye aho vyabereye, ni uko uwo muriro wadutse ejo hahise, kw’ibarabara rya mbere, ku nzu ifise inomero 43 muri zone ya Cibitoke. "Uwo muriro wadutse igihe c’isaha indwi z’umurango", nk’uko ababa muri urwo rupangu vyabereyemwo babimenyesha. Ngo "muri urwo rupangu hari hasanzwe harara imodoka. 

raba video

 Imwe mu zari zaharaye iri muri zimwe zunguruza abantu zibajana mu gihugu ca Repuburika iharanira demokarasi ya Kongo (zo mu bwoko bwa minibus, hano iwacu bakunze kwita Noah). Umudereva w’iyo modoka yari aje kuvoma igitoro kiri muri iyo modoka". Twavyiganiwe n'umwe mu baba muri urwo rupangu. 

Avuga ko "uwo mudereva yamusanze aho ariko arateka, amutira ibesani kugira ngo areke igitoro muri iyo modoka, kuko ibido yari afise yuzuye. Amaze kuyimutira, ni ho igitoro cariko giseseka hasi caka urubeya. Wa mupfasoni yaciye yiruka mu nzu atora abana baca barahunga. Urubeya rwaciye ruba rwinshi, umuriro uca urarandagata wakira n’izindi modoka zitatu uratokombeza. Umuhungu w’uwo mupfasoni ni we yaciye anyaruka aca mu rubeya aja guca amatara muri "compteur" 🫢 

Abandanya ati : "Iyo bitaza kugenda uko, ibara ryari kugwa, kubera ko imodoka zariko zaka zari zegereye mu muryango w'urupangu (portail) abari mu rupangu bari babuze ingene basohoka. Ni ho ababanyi bazana ingazi bayegeka ku ruzitiro (cloture) kugira abari imbere baronke ingene basohoka. Ni naco gituma atawahasize ubuzima" 🙏🏾

Ngo ariko "uwo muhungu yaciye amatara hamwe n’umubanyi yari mu bazanye ingazi gutabara, barakomeretse bitababaje cane". 

Ikindi cononekaye, "ni impuzu zari zanikiye ku mugozi hamwe n’utwo umukenyezi twavuze aho hejuru yariko arakinjika. Amazu hamwe n’ibiyarimwo ntivyashikiriwe". 

Mwomenya ko, aho mu rupangu haraye hahiriye imiduga ine, ibiri yo mu bwoko bwa "voiture", imwe yunguruza abantu bakunze kwita "Probox’", hamwe n’iyo yunguruza abantu ibajana muri Repuburika iharanira demokarasi ya Kongo bakunze kwita "Noah".

Umudereva yateje iryo sanganya hamwe na mugenzi we yazanye ibido batunzwe n’ayo bameze. Kugeza ubu ntawuzi iyo bari 


Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact