Umudandaza wo ku mutumba Nkanda komine Bugendana intara ya Gitega yaritavye Imana "akorokeye mu kimanga



Umudandaza wo ku mutumba Nkanda komine Bugendana intara ya Gitega yaritavye Imana "akorokeye mu kimanga mu gihe yariko arataha" mw'ijoro ryo kuri uyu wa 05/12/2023

kwaliti by GH indirimbo iryoshe cane yirabe yose ngaha

Amakuru ava kuri uyo mutumba avuga ko ikiziga c'uyo mugabo catowe mu kimanga kiri hafi y'inzira kuri uyo mutumba nyene mu gatondo ko kuri uyu wa 06/12/2023. 

Abamubonye baciye batora na terefone ngendanwa yiwe hamwe n'amafaranga 100.000 Fbu yari afise mu mufuko. Abajejwe intwaro kuri uyo mutumba bavuga ko ico kimanga cagiye kiriyongera biturutse ku mazi y'imvura.

Mu kurindira ico korwa kugira kizibirwe bahamagarira abenegihugu guheba guca muri iyo nzira

Abajejwe intwaro muri komine Bugendana nabo bashitse kuri uyo mutumba kuremesha abenegihugu no kubahumuriza kuko hari abariko biyumvira ko uwo muhisi yanizwe ariko amatohoza yakozwe n'inyamiramabi akaba agaragaza ko atakintu nakimwe cerekana ko urwo rupfu rwaturutse ku bwicanyi

Enregistrer un commentaire

siga iciyumviro cawe ngaha

Plus récente Plus ancienne

Formulaire de contact